The Tech News weekly summaries help you monitor recent software changes likely to impact you and your fellow Wikimedians. Subscribe, contribute and give feedback.
previous | 2022, week 40 (Monday 03 October 2022) | next |
Amakuru y'ubuhinga: 2022-40
Amakuru y'ubuhinga aheruka avuye k'umurwi w'ubuhinga wa Wikimedia. Murasabwe kumenyesha abandi bakoresha ibijanye n'izi mpinduka. Si impinduka zose zizokubako. Impinyanyuro ziraboneka.
Impinduka ziheruka
- Ibicapo vya Cartographie ubu birashobora kwerekana geopoints zo kuri Wikidata, ukoresheje QID canke SPARQL. Ubuheruka, ibi vyashoboka gusa kuri geoshape na geoline. [1] [2]
- Umudari w'igikoresho ciza muri 2022 uriko urondeza ishirwaho. Urashobora gusaba ibikoresho kugeza igenekerezo rya 12 Gitugutu.
Impinduka zo mumpera y'uyu mushamvu
- igice gishasha ca MediaWiki kizoba kiri mw'igeragezwa kuri za wiki na MediaWiki.org kuva 4 Gitugutu. Kizoba kiri kuri wiki atari iza Wikipedia n'izindi Wikipedia kuva 5 Gitugutu. Kizoba kiri kuri wiki zose kuva 6 Gitugutu (ikirangamisi).
- Impapuro z'ikiganiro ku rubuga rwa mobile zizohinduka kuri za Wikipedia zo mucarabu, Bangla, Igishinwa, Igifaransa, Igikerewole ca Hayiti, Igiheburayo, Igikoreya, na Vyetenamu. Zizoba zoroshe gukoresha no gutanga amakuru menshi. (Ugutezurirwa kwo k'umushamvu uheze kwaratebejwe) [3] [4]
-
scribunto-console
ya Module API izokenera ikimenyetso ca CSRF. Iyi module yanditse mu buryo bw'imbere kandi kuyikoresha ntabwo bishigikiwe. [5] - Ishusho y'ishimikiro 2022 izohinduka nk'iyisanzwe mumigambi mito mito ya Wikimedia. Soma vyinshi.
Amakuru y'ubuhinga yateguwe n' Abanditsi b'amakuru y'ubuhinga hama ashirwako na robo • Guterēra • Guhinyanyura • Ronka ubufasha • Tanga inyishu • Iyandikishe canke wikureko.