The Tech News weekly summaries help you monitor recent software changes likely to impact you and your fellow Wikimedians. Subscribe, contribute and give feedback.
previous | 2023, week 03 (Monday 16 January 2023) | next |
Amakuru y'ubuhinga: 2023-03
Amakuru y'ubuhinga yanyuma avuye k'umurwi w'ubuhinga wa Wikimedia. Murasabwe kumenyesha abandi bakoresha ibijanye n'izi mpinduka. Si impinduka zose zizobakorako. Impinyanyuro ziraboneka.
Intambamyi
- URL ziri mu mirongo ya "prev" mu mateka y'urupapuro ubu zirimo
diff=prev&oldid=[revision ID]
mu kiringo cadiff=[revision ID]&oldid=[revision ID]
. Ibi ni ugukemura ikibazo hamwe n'umurongo werekana itandukaniro ritari ryo mugihe amateka yayungurujwe n'ikimenyetso. Abakoresha inyandiko zimwe zishobora gucika nkigisubizo ciyi mpinduka. [1]
Impinduka zo mumpera y'uyu mushamvu
- igice gishasha ca MediaWiki kizoba kiri mw'igeragezwa kuri za wiki na MediaWiki.org kuva 17 Nzero. Kizoba kiri kuri wiki atari iza Wikipedia n'izindi Wikipedia kuva 18 Nzero. Kizoba kiri kuri wiki zose kuva 19 Nzero (ikirangamisi).
- Zimwe mu mpinduka kumiterere yurupapuro rw'ibiganiro zabonetse gusa kuri
Talk:
naUser talk:
y'imyanya y'amazina. Ibi bizokwagurwa kubindi biganiro vy'imyanya y'amazina, nkaMeta talk:
. Bizobandanya kutaboneka mu myanya y'amazina itari iy'ikiganiro, harimo impapuro zaMeta:
(akarorero, kuri pompe y'igisagara). Urashobora guhindura ivyifuzo vyawe (ikiranga beta). [2] - Kuri Wikisources, mugihe igishusho yerekanwe canke ishizwe ku rupapuro: umwanya w'izina, iryo yerekanwa nyene rizibukwa ku rupapuro rwose: urupapuro rw'umwanya w'amazina uhujwe na Index runaka: urupapuro rw'umwanya w'amazina. [3]
- Ishusho y'ishimikiro 2022 rizohinduka ribe irisanzwe kubakoresha ba Wikipedia y'Icongereza. Impinduka izoba kuwa 18 Nzero isaha y'icenda UTC. Soma vyinshi.
Impinduka zo muri kazoza
- Igice ca 2023 ca Rusansuma y'abantu, gihamagarira abatĕrēra gutanga ivyifuzo vy'ubuhinga no gutora ibikoresho n'impinyanyuro, kizotangura kundwi ikurikira igenekerezo rya 23 Nzero 2023 isaha zibiri z'ijoro. Urashobora gutangura gutegura ivyifuzo vyawe muri agasandugu ka CWS.
Amakuru y'ubuhinga yateguwe n' Abanditsi b'amakuru y'ubuhinga hama ashirwako na robo • Gutĕrēra • Guhinyanyura • Ronka ubufasha • Tanga inyishu • Iyandikishe canke wikureko.