Inama ya WikiIndaba 2024/Ivyashikirijwe

This page is a translated version of the page WikiIndaba conference 2024/Submissions and the translation is 95% complete.
Outdated translations are marked like this.
Program

Attend

Logistics

Contact

Documentation

Satellite events

Inama ya Wiki Indaba 2024 izoba kuva kw'igenekerezo rya 4–6 Gitugutu 2024, i Johannesburg, muri Afirika y'Epfo, kandi izohimbaza imyaka 10 inama ya Wiki Indaba iheze ibayeho. Icivugo nyamukuru c'iyo nama ni !ke e: /xarra //ke - Ubumwe mu butandukane.

Amatariki ahambaye

  • Ihamagara ryo gutanga ivyandiko ripfungurwa: 05 Ruheshi 2024
  • Ihamagara ryo gutanga ivyandiko rirangira: 07 Mukakaro 2024
  • Isubiramwo ry'ivyashikirijwe: Mukakaro 2024 »'
  • Itangazo ry'ukwemera canke kwanka ivyashikirijwe: TBC

Ubwoko bw'ibiganiro

Niwiyumvire gutanga iciyumviro c'ubwoko bwose bw'ikiganiro bukurikira

Ubwoko Insiguro Uburebure bwahitishijwemwo
Ikimenyekanisho Gushikiriza amakuru ku mpapuro abaje mu nama bashobora kuraba Iminota 7 - 10
Lightning talk Insiguro ngufi imara iminota mikeyi gusa Iminota 7 - 10
Gusoma Gusoma/ikiganiro ku ciyumviro ico ari co cose kiri mubishimikirwako muri iyo nama Iminota 30
Ikiganiro Ivyigwa vyoroshe mu mugwi wose n'/canke igikorwa ku ciyumviro catoranijwe mbere Iminota 60
Ikiyago gihuza abantu benshi Ikiganiro corohereza hagati ya bitatu canke birenga ku ciyumviro catoranijwe imbere y’igihe Iminota 45 - 60
Imeza y'ikiyago Ikiganiro c'umugwi wose ku ciyumviro catoranijwe mbere Iminota 60 - 75

Ubwoko bw'ibiganiro

Ushobora gutanga umugambi (mu congereza canke mu gifaransa) ku kiganiro icaricocose muribi bikurikira

  • Sister Projects Equity, Inclusion, and Community Health/Initiatives
  • Research GLAM, Heritage, and Culture
  • Research , Education & Technology
  • Sister Projects Movement Governance (Includes Legal, Advocacy & Risks)

Rungika iciyumviro cawe c'ikiyago

"Ibishikirijwe vyarangiye"'

Igikorwa co gusubiramwo iciyumviro

Ivyiyumviro bizosubirwamwo n'umurwi ujejwe Porogarama.

Ikiganiro cose kizoshikirizwa ku bintu bitandukanye harimwo n’urugero rw’ingaruka bishobora kugira n’ingaruka zitezwe; inyungu yitezwe mukibano; n’ingene ivyo bishikirijwe bifitaniye isano n’icivugo canke ikintu gishimikiweko. Amanota y'umurwi aragereranywa, kandi igice co hejuru c’ivyo bazotanga kizokwemerwa uko bihuye n’urutonde.

Nimba hariho ibintu vyinshi bisa n’ivyo bivugwa ku ciyumviro kimwe, umurwi ujejwe Porogarama woshobora gusaba ko ivyo bivurwa vyohurizwa hamwe .

Uzomenyeshwa ingingo y'umurwi ujejwe Porogarama ku bijanye n’ivyo utanga biciye kugisigo(email).

Twandikire

Ufise ikibazo ico ari co cose, ntutinye kutumenyesha : wikiindaba2024(_AT_)wikimedia(_DOT_)org(_DOT_)za canke ukoreshe [[Talk:WikiIndaba_conference_2024/Submissions|meta talk page].